Reka tugutembereze mu Isi ya Siporo kuri uyu wa gatatu: Ramsey, Pogba, Gerrard, Coutinho, Rodgers, Kounde, Bowen

Amakuru yose ya Sport agezweho aka kanya

Incamake z’amakuri y’imikino agezweho mu Isi ya Sports nkuko tubikesha BBC 

Everton na Newcastle United iripfuza umukinyi wo hagati wa Juventus, umunya Pays de Galles/Wales Aaron Ramsey, 30. (Goal)

Manchester United iriteguye kugurisha umukinyi wayo wo hagati, umufaransa Paul Pogba, 28, mu kadirisha ko kugura no kugurisha abakinyi ko mu kwa mbere, imbere y’uko amasezerano afitaniye n’uyu murwi arangira mu mpera z’ihiganwa ry’uno mwaka w’inkino. (Star)

Aston Villa izotegerezwa guha umurwi Rangers imiriyoni 2.7 z’amadorari y’abanyamerika mu gihe uyo murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League wofata ingingo yo kugena Steven Gerrard nk’umumenyereza. (Express)

Umumenyereza mushasha wa Newcastle United Eddie Howe ariko ararondera umukinyi w’inyuma wa Atletico Madrid, umwongereza Kieran Trippier, 31, ikaba umukeneye mu kwa mbere. (Express)

Brendan Rodgers wa Leicester ahabwa amahirwe yo gusubirira Ole Gunnar Solskjaer muri Manchester United
Brendan Rodgers wa Leicester ahabwa amahirwe yo gusubirira Ole Gunnar Solskjaer muri Manchester United

Abakinyi bakomakomeye ba Barcelona babandanya kutishimira umukinyi wayo wo hagati, umunya Bresil Philippe Coutinho, 29, bakamwagiriza ko atagishaka gukina, ni mu gihe hari ibihuha ko ashobora kwigira muri Newcastle United. (Star)

Umumenyereza wa Leicester City Brendan Rodgers niwe ahabwa amahirwe menshi yo gushobora gusubirira Ole Gunnar Solskjaer nk’umumenyereza wa Manchester United(Eurosport)

Manchester United irafise icizere ko izoshobora gukubita hasi Chelsea mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma, umufaransa Jules Kounde, 22, asanzwe akinira Sevilla(AS via Express)

Jules Kounde
Jules Kounde

Liverpool iripfuza umukinyi wo ku ruhande rw’i buryo wa West Ham umwongereza Jarrod Bowen, 24, ariko nta mugambi ifise wo kumugura mu kwa mbere. (Mirror)

Newcastle United ishobora kuronka umusatirizi w’umufaransa Ousmane Dembele, 24, ata rufaranga na rumwe itanze mu gihe yokwanka gutera igikumu ku masezerano mashasha na Barcelona. (Express)

Ariko Barcelona iriteguye kugiriranira ayandi masezerano na Dembele ariko bikavana n’umwanya ashobora kumara mu kibuga. (Sport)

Umumenyereza wa Genoa Andriy Shevchenko aripfuza kugura umusatirizi wa Chelsea umunyamerika Christian Pulisic, 23. (Secolo XIX – in Italian)

Christian Pulisic
Christian Pulisic yashitse muri Chelsea mu 2019

Victor Font yahoze arongoye Barcelona avuga ko uyu murwi ukwiye kuzogarukana wa musatirizi wa Argentina Lionel Messi, 34, mu igihe amasezerano afitaniye na Paris St-Germain azoba arangiye. (Marca)

West Ham ishobora kwankira imirwi iyo ari yo yose yoza irondera umukinyi wo hagati, umwongereza Declan Rice ashobora no kugurwa imiriyoni zirenga 130 z’amadorari y’abanyamerika, kuko ishaka kwiyubaka ishingiye kuri uyu mukinyi w’imyaka 22. (Sun)

Utwigoro twa Arsenal two kurondera umusatirizi wa Fiorentina Dusan Vlahovic, 21, twigonze ku rukuta inyuma y’aho abaserukizi b’uyu munya Serbia bankiye ibiganiro. (Mail)

Newcastle yatanguye ibiganiro n’abaserukizi b’umudagi Niklas Sule 26 akina inyuma mu murwi Bayern Munich. (Newcastle World)

Umurwi wo mu Budagi Borussia Monchengladbach uriko urihweza ingene mu kwa mbere yoronka umusatirizi wa Arsenal Eddie Nketiah, 22. (Sun)

Eddie Nketiah ni gake aronka ikibanza muri 11 ba mbere ba Arsenal

Giovanni Simeone, umuhungu w’umumenyereza wa Atletico Madrid Diego Simeone, ni we aza ubwa mbere ku rutonde rw’abasatirizi baronderwa na West Ham. Uyu munya Argentina w’imyaka 26 akina mu murwi nserukiragihugu ubu asanzwe akina muri Verona, umurwi wo mw’ihiganwa ry’Ubutaliyano, aho yatijijwe avuye muri Cagliari. (Express).

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Thank you